GlaxoSmithKline iri ku rukingo rwa ebola

Rimwe mu mahinguriro ya GlaxoSmithKline Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption GlaxoSmithKline ngo ishobora kubona urukingo rwa ebola mu mwaka uza

Ikigo co mu Bwongereza gihingura imiti, GlaxoSmithKline, kivuga ko kiriko kiranyarutsa igerageza ku bantu ry'urukingo rwa ebola.

Ico kigo kivuga ko gitegekanya kubika inkingo zishika ibihumbi cumi zo kurungika vyihutirwa.

GlazoSmithKline kandi ivuga ko iriko irafashanya muri ico gikorwa n'ibigo bikorera muri leta zunze umwe za Amerika.

Ngo mu gihe igerageza ku bantu ryotanga inyushu nziza, urukingo rushobora gutangura gukoreshwa mu 2015.

Ikigo co muri Amerika, Johnson and Johnson, kiriko naco nyene kirakora igerageza ku rundi rukingo.

Imiti ibiri ihabwa abarwayi bamaze kwandura ebola nayo iriko irakorwa, ikaba ari Zmapp ukorerwa muri Amerika na KTM-Ebola ukorerwa muri Canada.

Ariko gushika ubu ntirageragezwa ku buryo bushimishije, kandi hamaze gukorwa mike cane.

OMS ariko iragabisha

Hagati aho ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ikiza ca ebola mu burengero bwa Afrika, gishobora kwandukira abantu ibihumbi 20 imbere y'uko gihagarikwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption OMS ivuga ko ibihumbi 20 bashobora kwandura imbere y'uko ebola ihagarikwa

Gushika ubu abarenga gatoyi ibihumbi bitatu nibo bizwi ko banduye, ariko OMS ivuga ko igitigiri nyaco gishobora kuba kiruta ngaho.

Abantu barenga igihumbi n'amajana atanu baramaze kuhasiga ubuzima, hafi ya bose kababa baguye muri Liberia, Sierra Leone na Guinea.

Abantu batanu nibo bamaze guhitanwa na ebola mu muji mukuru muri Nigeria, Lagos, uwundi muntu umwe akaba yapfuye uno munsi i Port Harcourt, akarere gafise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro muri Nigeria.

Abashikiranganji bajejwe amagara mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika, bari mu nama muri Ghana igamije kuraba ukuntu bobuza ico kiza kubandanya gikwiragira muri ako karere.