Liberia yapfunguriye amayira West Point

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuntu ariko asoma icapa kigabisha kuri Ebola ku muryango w'imodokari Monronvia

Umushikiranganji wa Liberia ajejwe kumenyesha amakuru, yavuze ko abategetsi bizeye ko bashobora kurinda ikiza ca Ebola gukwirakwira, bafatanije n'abanyagihugu ba West Point.

Kugarana ako gace ko mu muji wa Monronvia vyari vyateye imigumuko.

Muri Senegal abategetsi bemeje ko naho habonetse ubwa mbere umurwayi wa Ebola.

Senegal igize gatanu mu bihugu vya Afrika y'uburengero bimaze kubonekamwo Ebola.

Bavuga ko uwo mugera wabonetse ku muntu yaturutse mu gihugu kibanyi ca Guinee.

Hagat'aho abashakashatsi bavuga ko umuti wari ukiri mw'igerageza, uvura iyo ngwara ya Ebola bita Zee-Mapp, wagaraye ko ushobora kuba ukora 100%, igihe bawugerageza ku nkoto 18.

Abantu 7 nibo bamaze kuvurwa hakoresehjwe uwo muti, aho 2 muri bo bitavye Imana.