Zoba zahinduye imirisho muri Lesotho?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ifoto y'ingabo za Lesotho

Iyandikiro ry'amakuru ry'Abafaransa AFP, ryasubiyemwo amajambo y'umushikiranganji w'inkino, Thesele Maseribane, avuga ko yunvise urwamo rw'inkoho, aho yavuze ko bishoboka ko yoba ari" coup d'etat".

Haciye imyaka 2 habaye amatora atashoboye kumvikanwako na bose, yatumye bashiraho leta igizwe n'abashaka gusangira ubutegetsi, itashoboye gushinga imizi.

N'ubwo igikorwa co gushaka kumvikanisha abaharanira ubutegetsi cashizwemwo inguvu nyinshi kuva mu kwezi kwa gatandatu, icuka kibi cakomeje kwiyongera.

Ibihugu bibanyi vya Lesotho navyo bigabisha ko hatogira uhirahira agaca kubiri n'ibwirizwanshingiro.

Kare umushikiranganji wa mbere yari yabwiye BBC ko yahungiye muri Afrika y'epfo kubera ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe.

Yavuze kandi ko ibikorwa vy'abasirikare vyabujije leta kugira ico ikoze.

Igisirikare ca Lesotho kirahakana ko cashatse guhirika ubutegetsi, kandi hari amakuru yavuga ko abo basirikare basubiye mu bigo vyabo.

Lesotho izengurutswe impande zose n'igihugu ca Afrika y'epfo, ari naco izeyeko uburaro n'uburamuko, haba mu bikoresho canke akazi.