Urugamba rwo kubohoza umuji wa Amerli muri Iraq

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Haheze amezi abiri abanyagihugu bahunze IS mu buraruko bwa Iraq bagotewe muri Amerli

Indege za Amerika n'iza Iraq zagendera hejuru y'abasirikare bagavye ico gitero, zibakingira.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zagize uruhara mu bitero vyo mu kirere hakoreshejwe indege, ndetse no gutwara infashanyo muri uwo muji.

Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Tony Abbot, yari yamenyseheje kare ko leta yiwe yemeye gufashanya na Leta zunze Ubumwe za Amerika nk'uko yabisabwe n'ubutegetsi bwa Obama.

Ivyo ngo yabisabwe kandi n'Ubwongereza, Canada, Abufaransa Ubutaliyano ndetse n'abarwanyi b'aba Kurdes ba Peshmerga aho mu buraruko bwa Iraq.