Igitero cahitanye abantu 10 iMogadishiu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al Shabaab yateye ikigo gikuru c'ibiro vy'iperereza i Mogashiu

Abo bayoboke ba Al Shabaab binjiranye imodokari yuzuye ibisasu muri ico kibanza gisanzwe gicungerewe cane.

Abantu bafise inkoho bashatse kwinjira ku nguvu mur'iyo nyubakwa.

Al Shabaab ivuga ko yashoboye kubohoza abayoboke bayo benshi bari bapfungiye aho mu biro bijejwe iperereza, bisanzwe birimwo agasho ko munsi mu kuzimu, n'ikigo co gusambishirizamwo abakekwako ivyaha.