Muri Kenya bariyama abahembwa badakora

  • 1 Ukw’icenda 2014
Kenya ishaka kwandika abakozi ba leta hakoreshejwe ubuhinga bwa none
Kenya ishaka guhasha abakozi bahembwa badakora

Abajejwe intwaro muri Kenya batanguje ubuhinga bushasha bwo kwandika abakozi hafashwe ibimenyetso bibaranga bwite.

Ubwo buryo bushasha, buzwi nka biometric registration mu Congereza, bwatanguye gukoreshwa kugira batuze abo bita "abakozi b'ibisigo" bari ku ntonde z'abahembwa kandi batabaho.

Leta ikeka ko hari ibihumbi vy'abantu babandanya guhembwa kandi baravuye mu kazi ka leta, bigahombesha ikigega amamiriyoni y'ama dolari.

Urwandiko rwasohowe na leta ruvuga ko abakozi bayo bagomba kwiyandikisha mu ndwi zibiri, canke ntibasubire guhembwa.

Umukuru w'igihugu, Uhuru Kenyatta, yariyemeje kurwanya igiturire mu bakozi ba leta, akija ku butegetsi mu 2013.