Nyampinga w'i Burma yanse gusubiza urugori

Umwigeme May Myat Noe mu kiganiro n'abanyamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwigeme May Myat Noe

Nyampinga w'i Burma yatswe intsinzi yiwe mu ndwi iheze, yanse gusubiza urugori yahawe n'abanye Korea y'epfo bateguye ihiganwa ry'ubwiza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yiyuha amarira, May Myat Noe yavuze ko azosubiza urwo rugori rufise agaciro k'amahera ibihumbi jana vy'ama dolari, ari uko abateguye ihiganwa bamusavye ikigongwe.

Umwigeme May yatsinze ihiganwa ry'ubwiza Miss Asia Pacific World 2014 ryabereye i Seoul mu kwezi kwa gatanu.

Mu ndwi iheze, abateguye iryo higanwa bamwagirije kuba intashima kandi akaba n'umubeshi.

Umwigeme May niwe munye Burma wa mbere yatsindiye ihiganwa ry'ubwiza mpuzamakungu.

Yabariye abamenyeshamakuru ko yategetswe kubesha ku myaka yiwe, kandi abategura ihiganwa bamubwiriza kwibagisha ku mubiri wose kugira yongereze ubwiza.

Yahakanye kandi amakuru avuga ko yahunganye urugori bamuhaye, avuga ko yafashe indege ija Burma atazi ko afise urwo rugori.

Mu nyuma vyaje kumenyekana ko habaye ukutumvikana hagati ya nyima wa May hamwe n'abateguye ihiganwa ku vyerekeye uwuzotunganya ibikorwa vy'umwigeme May.