Ebola imaze guhitana 31 muri Kongo

Ebola imaze guhitana abashika mirongo itatu n'umwe muri Kongo
Image caption Ebola imaze guhitana abashika mirongo itatu n'umwe muri Kongo

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, hamwe n'ubushikirangaji bw'amagara muri republika iharanira demokrasi ya Kongo bavuga ko ebola muri ico gihugu imaze guhitana abantu 31.

Ico kiza nta sano gifitaniye n'ikiri mu burengero bwa Afrika, kikaba camenyekanye mu ntango z'ukwezi guheze hafi y'umuji wa Boende, mu buraruko bw'umurwa mukuru Kinshasha.

Abajejwe intwaro bavuga ko ako karere ebola yagaragayemwo kazibiwe.

Hagati aho ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara kw'isi, PAM, rivuga ko ikiza ca ebola mu burengero bwa Afrika, kibangamiye igihe c'iyimbura cimirije.

Ivyo bimaze gutuma ibiciro vy'ibifungurwa biduga mu bice vy'ibisagara.