Amerika yagavye igitero kuri Al Shabaab

  • 2 Ukw’icenda 2014
Indege ya Amerika itagira umudereva Image copyright AFP
Image caption Indege ya Amerika nk'iyi niyo yagavye ico gitero

Leta zunze umwe za Amerika zagavye igitero c'indege ku rukurikirane rw'imiduga rwari rutwaye umukuru w'umugwi wa ki Islam, Al Shabaab.

Ntibizwi neza nimba Ahmed Abdi Godane yoba yiciwe muri ico gitero c'indege itagira umudereva, cabereye nko ku birometero 200 mu bumanuko bw'umurwa mukuru Mogadishu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Somalia avuga ko abasirikare ba Amerika bagaragaye bashika na kajugujugu gutora ibiziga vy'abarwanyi bapfuye.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi yavuze ko bariko barihweza uko ico gitero cagenze.

Hari amakuru avuga ko abarwanyi ba Al Shabaab bafashe abanyagihugu bibaza ko bahaye amakuru leta zunze umwe za Amerika.