Gucibwa imitwe ngo ntibikanga Amerika

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Perezida Obama yatanze ikiganiro ku rupfu rwa Sotloff ageze muri Estonia

Perezida Obama avuga ko abantu hirya no hino kw'isi bumijwe n'ubunyamaswa bw'uwo murwi wishe Steven Sotloff.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ari muri Estonie, bwana Obama yavuze ko iyicwa rya Steven Sotloff ryatumye ubushake bwa Amerika bwo guhana n'abo yise abakora iterabwoba bukomera.

Leta y'Ubwongereza ivuga ko umuyoboke w'uwo murwi IS, afise imvugo nk'iyo Abongereza, asa n'aho ari nawe yishe uwundi munyamakuru w' Umunyamerika, James Foley.