AMISOM imaze kwaka Al Shabab imiji 15

Lieutenant General Sillas Ntigurirwa, arongoye abasirikare ba AMISOM muri Somalia
Image caption Lt Gen Sillas Ntigurirwa avuga ko Al Shabab igifise imiji itatu irongoye

Uwurongoye ingabo za Amisom muri Somalia, General Sillas Ntigurigwa, avuga ko mu mezi cumi bamaze kwaka Al Shabab ibisagara 15.

Uwo musirikare aturuka mu Burundi, ivyo yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura.

Lieutenant General Silas Ntigurirwa avuga ko mu bisagara batse Al Shabab harimwo ivyafashwe n'abasirikare b'Abarundi.

Muri ivyo bisagara, harimwo intara umukuru w'igihugu ca Somalia avukamwo ya Jalalaxi.

Lieutenant General Silas Ntigurigwa amenyesha ariko ko hakiri ibisagara bitatu gushika ubu bikingezungwa na Al Shabab.

Ngo ariko bariko bakora ibishoboka vyose kugira navyo nyene bigarukemwo umutekano.

Imishahara iteba

Ku kibazo c'ivyo AMISOM imaze kuhatakariza muri ayo mezi cumi, uwo ayorongoye avugako bitobura, haba ubuzima bw'abantu canke ibintu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba AMISOM bari muri Somalia kuva mu 2007

Ngo ariko ivyo bashoboye kugaruza nivyo vyinshi ugereranije n'ivyo batakaje.

Nayo ku bivugwa ku kibazo c'imishahara y'abasirikare b'Abarundi yoba iteba, aho usanga bamara amezi arenga atatu batarahembwa, Lieutenant General Ntigurirwa avuga ko ico kibazo atari ic'abasirikare b'Abarundi gusa ngo ni ic'ingabo za AMISOM zose.

Ariko yavuze ko ishirahamwe ry'ubuwe bwa Africa, UA, ryemeye ko mu kwezi kuza imishahara yose izoba yabonetse.

Kuva mu 2007 ingabo z'ubumwe bwa Africa, AMISOM, zagiye kugarukana amahoro muri Somalia.

Ubu izo ngabo zirenga ibihumbi 22, zikaba zituruka mu bihugu vy'u Burundi, Uganda, Kenya, Ethiopia, Djibouti na Sierra Leone.

U Burundi bukaba bufiseyo abasirikare 5432.