OTAN yasavye Uburusiya kurekura Crimea

Image caption Abakuru b'ibihugu bigize OTAN bari mu nama muri Wales (Pays des Gales)

Ishirahamwe ry'abivunira umwanshi hamwe, OTAN, ryasavye Uburusiya kurekura Crimea hamwe no gukura abasirikare mu buseruko bwa Ukraine.

OTAN kandi yasavye Uburusiya guhagarika guha ibirwanisho abashigikiye Uburusiya, baharanira kwiyonkora kuri Ukraine.

Aho yafata ijambo, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Anders Fogh Rasmussen, yahamagariye leta y'Uburusiya guhagarika ivyo guhangana.

Yavuze ko abakuru ba OTAN batanze ubutumwa butomoye y'uko urwo runani rushigikiye Ukraine.

Yongeyeko yuko imigenderanire ya OTAN na Ukraine ikomeye cane, ngo kandi izokazwa kurusha.

Uburusiya buhakana gushigikira abarwanya Ukraine, bukagiriza leta zunze ubumwe za Amerika kuba zifata minenerwe utwigoro tw'amahoro Uburusiya bugira muri Ukraine.