Muri Ukraine habonetse umwumvikano

Abasirikare ba Ukraine Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibirindiro vy'abasirikare ba Ukraine vyatewe kare, hafi y'umuji wa Mariupol

Leta ya Ukraine n'abayirwanya begamiye ku Burusiya, bashitse ku mwumvikano ugamije guhagarika imirwano imaze ameze mu buseruko.

Uwo mwumvikano washitsweko mu biganiro hagati y'izo mpande zombi, hakaba kandi hari hitavye intumwa z'Uburusiya mu muji wa Minsk muri Belarus.

Umukuru wa Ukraine, Petro Poroshenko, yavuze ko ari nkenerwa ko guhagarika imirwano birama ibiganiro bigakomeza.

Aho yavugira mu nama ya OTAN ibera i Wales, yavuze ko guhanahana impfungwa bigomba kuba mu gihe gito kiri imbere.

Imirwano yari yabandanije uno munsi hafi y'umuji wa Mariupol ukiri mu minwe ya leta.

Umunyamakuru wa BBC yavuze ko vyasa nk'uko abarwanyi bateye ibirindiro vya leta biri ku birometero bike n'uwo muji.