Amerika iremeza ko umukuru wa Al Shabab yishwe

Isanamu yatanzwe na Amerika y'uwari umukuru wa Al Shabab, Ahmed Abdi Godane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amerika ivuga ko urupfu rwa Ahmed Abdi Godane ari igihombo kinini kuru Al Shabab

Leta zunze ubumwe za Amerika zemeje ko igisasu catewe muri Somalia, cahitanye umukuru w'umugwi wa ki Islam, Al Shabab.

Urwandiko rwavuye mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi ruvuga ko urupfu rwa Ahmed Abdi Godane, rufise insiguro ikomeye.

Urwo rwandiko kandi ruvuga ko ari ugutakaza gukomeye ku bikorwa vya Al Shabab.

Ico gitero canagizemwo uruhara abasirikare kabuhariwe ba Amerika, cabereye mu bumanuko bwa Somalia kuwa mbere.

Al Shabab yari yemeje ko umukuru wayo yari mu rukurikirane rw'imiduga yatewe igisasu.

Al Shabab imaze imyaka irwanya leta ya Somalia, kandi ikaba yarateguye ibitero kw'isoko rya Westgate muri Kenya, ku murwa mukuru Nairobi.

Ico gitero cahitanye abantu bashika mirongo itandatu n'indwi.