Ababikira bo mu Butaliyano biciwe mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Igipolisi c'Uburundi kivuga ko ababikira b' Ubutaliyano bishwe bamaze gufatwa ku nguvu

Babiri muri abo babikira nibo babanje kwicwa ejo ku munsi w'Imana, mu gihe mugenzi wabo, ari nawe yabonye ubwa mbere ibiziga vyabo, nawe bamusanze yaciwe umutwe uyu munsi mu gitondo.

Abategetsi bavuga ko uwukekwa ko yishe abo babikira babiri ba mbere, bamubonye ava mu kigo c'abo babikira afise imbugita mu ntoke.

Diocese ya Parma mu Butaliyano, ivuga ko abo babikira bishwe n'abashaka kwiba.

Ariko igipolisi c'Uburundi, kivuga ko impavu zatumye bicwa zitaramenyekana, kuko ata n'amafaranga basanze yabuze.

Mu 2011, hari umubikira yaturuka muri Croatia, n'umukozi w'umugiraneza wo mu Butaliyano bishwe mu buryo bwasa n'igitero c'abasuma mu buraruko bw'Uburundi.