Icegeranyo ku ndege MH17 cerekana ko yarashwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption MH17 ngo yarashwe ibisasu vyinshi

Bwana Nijab avuga ko umurwi mushasha w'Abanyamaleziya ugiye kurungikwa mu buseruko bwa Ukraine, ukeneye gushika hose mu kibanza iyo ndege ya Malaysian airliner yaguyemwo.

Uwo murwi wa Maleziya ujanywe no kwegeranya ibisigarira vyose vy'ibiziga vy'abaguye muri iyo ndege MH17, no kumenya ukuri ku cayimanuye.

Mu bantu bose uko ari 298 bari muri iyo ndege yariko yerekeza Kuala Lumpur ivuye Amsterdam mu kwezi kw'indwi, nta n'umwe yarokotse.

Umurwi w'Abanyaholande watohoje kuri iyo ndege uvuga ko yaturitse imaze gushikirwa n'ibintu vyinshi bifise umuvuduko uri hejuru cane.

Indege ubwayo bavuga ko ata kibazo c'ubuhinga yari ifise, canke ngo habe hari ikibazo umudereva yoba yaragize.

Icegeranyo ntabanduka ku camanuye iyo ndege giteganijwe kuboneka mu mwaka uza.