Scotland yoba igiye kuva kuri United Kingdom?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Scotland buca itora kuva canke kugumana na UK

Amatora yo kwemera canke guhakana kwikura mu bihugu bigize ingoma y'Ubwongereza na Irlande y'uburaruko, azoba kuwa kane w'indwi iza muri Ecosse.

Mw'ijambo yashikirije abari bakoraniye Edinburgh, bwana Cameron yavuze ko bazoba "bamuvunye umutima" niyo Ecosse yikura kuri Royaume Uni, yibutsa abazotora ko ata mahirwe yo kwisubirako ariho.

Urwo rugendo rwa bwana Cameron mu buraruko bwa Royaume Uni, ruje mu gihe ibiharuro vy'igendereza ku bishobora kuva mu matora, vyerekana ko abashaka "ego" n'abashaka "oya" bari hafi kungana.

Abandi bategetsi 2 b'abanyapolitike hano mu Bwongereza, nabo bari muri Ecosse guhimiriza abantu kuzotora "oya".

Abashaka kwigenga kwa Ecosse bakavuga ko ico ari ikimenyetso co kwihebura kw'Abongereza.