Pakistani yafashe 10 barerwa kurasa Malala

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Malala Yusufzai

Uyo mwana w'umukobwa w'umunya Pakistani, yarashwe mu mutwe ari muri bus yatwara abanyeshure, haraheze imyaka ibiri.

Umuvugizi wa gisirikare, General Major Asim Salim Bajwa, yavuze ko uwo murwi wateye Malala, wakorera Mullah Fazlullah, umukuru w'aba Taliban muri Pakistani.

Malala Yusufzai, yari afise imyaka 15 ico gihe, yakomeje kuba rurangiranwa kubera urugamba rwiwe rwo guharanira ko abana b'abakobwa baja mu mashure.

Ubu aba mu Bwongereza kubera aba Taliban bahize kumwica, we n'abo mu muryango wiwe.