Kamarampaka ku bwingenge bwa Ecosse iri hafi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Isekeza rya kamarampaka ku bwingenge bwa Ecosse

Habaye guterana amajambo kwinshi ku ruhara rw'amabanki n'abarwizatunga muri iri sekeza.

Imwe mu mabanki makuru kw'isi, Deutsche Bank, yagereranije ko hamwe abanya Ecosse bokwemera ubwigenge, boba binjiye mu makosa nk'ayakweze idindira ry'ubutunzi ryaranze imyaka ya 1930, imbere y'intambara ya kabiri y'isi.

Umwe mu baharanira ubwigenge bwa Ecosse, Jim Sillars, yagabishije amabanki ko azokwemera abonye ku munsi wa kane abanyagihugu ba Ecosse batoye "ego".

Ibiharuro vyerekana ko ibitigiri vy'abashigikiye ubwigenge bwa Ecosse n'abatabushigikiye biri hafi na hafi.

Ibigo vy'ubutunzi bitari bike bimaze gutangaza ko hamwe hotsinda "ego", vyoca vyimukira iLondres.