Umwongereza David Haines yaciwe umutwe na IS

Uwufise ububasha kw’isanamu SeeTV
Image caption David Haines, yaviwe umutwe amaze umwaka 1,5 afashwe na IS

David Haines, umugiraneza w'Umwongereza yaciwe umutwe n'abarwanyi ba "Islamic State"-IS.

Bwana Cameron yagereranije ubwo bwicanyi n'ububisha burenze.

Muri video yatangajwe ku rubuga rwa internet, umurwanyi yari afise imbugita afise imvugo nk'iyo Abongereza, yaneguye ingingo ya leta y'Ubwongereza yo gufasha abarwanyi b'aba Kurdes bahanganye na IS.

Umuntu asa na David Haines amaze umwaka n'igice afatiwe muri Syria, yari apfukamye iruhande rwiwe.

Hari uwundi Mwongereza yafashwe ingwati nawe yariko aterwa ubwoba muri iyo video.

Perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama nawe yateye ivyatsi ubwo bwicanyi yise ubunyamaswa.

Yavuze ko igihugu ciwe gifatanye mu nda n'Ubwongereza mu kababaro kirimwo.

Ngo azokorana n'ibihugu mu kuzana abakoze ubwo bwicanyi imbere y'ubucamanza, no gusambura ico yise iterabwoba rihanze isi.

Abanyamakuru babiri b'Abanyamerika, Steven Sotloff na James Foley, baherutse kwicwa n'abanywanyi ba "Islamic State" mu kwezi guheze.

Umuvukanyi wa David Haines, Mike, yasohoye itangazo avuga ko abasigaranye irungu.