Nigeria: Inyubakwa yahitanye 40 muri Lagos

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abajejwe gutabara n'abandi bantu bari mu bibomoka vy'igorofa yahenutse Lagos

Urwego rw'igihugu rujejwe gutabara rwemeje iki gitigiri, rubwira BBC ko abantu 130 barokowe bakuwe mu bihomoka.

Bamwe mu barokotse bakomeretse, bariko bavurirwa mu bitaro n'amavuriro yo hafi mu muji wa Lagos.

Iyo nyubakwa yahenutse, bivurwa ko ari iyo kwakiriramwo abashitsi, y'umuvugabutumwa TB Josua.

Yariko iragurwa, yongerwako amagorofa atatu, kugira ishobore kwakira ibihumbi vy'abayoboke ba bwana Josua.