Ecosse irazindukira muri Kamarampaka

Ibipimo by'amajwi birerekana ko buri ruhande rushobora gutsinda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibipimo by'amajwi birerekana ko buri ruhande rushobora gutsinda.

Abanya Ecosse barazindukira kuri uyu wa kane muri Kamarampaka yo kwemeza niba bashaka kugumana n'Ubwongereza cyangwa se kuba igihugu cyigenga.

Umukuru wa Ecosse, Alex Salmond, unari ku isonga ry'abashaka ko Ecosse yigenga yahumurije abaturage ayobora ko Ecosse iramutse yigenze yakomeza gukoresha amafaranga y'amapawundi (pound) akoreshwa mu Bwongereza.

Ku ruhande rw'abadashaka ko Ecosse yigenga, Gordon Brown, wigeze kuba ministri w'intebe w'ubwongereza, yabuiye abagishidikanya ko iyo ntara ishobora guhura n'ibibazo bikomeye by'ubukungu iramutse yivanye ku Bwongereza.

Ibipimo byuko abantu bashobora gutora birerekana ko buri ruhande rushobora gutsinda.