Muri Sierra Leone ntibasohoka kubera ebola

Abajejwe gutabara baramaze kurengerwa n'abarwayi Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Abajejwe gutabara baramaze kurengerwa n'abarwayi

Muri Sierra Leone abantu bagumye mu mazu ku munsi ugira kabiri, mu gihe hari umukwabu wo kubuza gukwiragira kwa ebola.

Umunyamakuru wa BBC ari ku murwa mukuru Freetown avuga ko amabarabara yahora ubundi yuzuye abantu ubu yera.

Ariko ntibiramenyekana nimba uwo mukwabu w'iminsi itatu uzokunda.

Uwo munyamakuru avuga ko ku munsi wa mbere w'umukwabu abajejwe gutabara bahamagawe n'abantu hafi amajana icenda bavuga ko hari uwanduye canke basaba ko imivyimba itwarwa.

Avuga kandi ko hari ibigo bibiri gusa mu gihugu cose vyakira abarwayi ba ebola, kimwe muri vyo kikaba kimaze kurengerwa n'abarwayi.