Muri Kenya baribuka igitero c'i Westgate

Ikibanza ca Westgate carononywe cane n'igitero mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikibanza ca Westgate carononywe cane n'igitero mu mwaka uheze

Muri Kenya bagize imihango yo kwibuka umwaka uheze habaye igitero ca Al Shabab mu kibanza c'ubucuruzi ca Westgate i Nairobi.

Ico gitero cahitanye abantu mirongo itandatu n'indwi, harimwo bane bakigavye.

Uruhagarara mu kibanza ca Westgate camaze amasaha ane.

Amasanamu afatwa n'ivyuma vya Westgate, yerekanye abari baje gusuma batekewe n'ubwoba, bahunga abo bateye, abandi nabo binyegeje inyuma y'ubuguriro.

Umugwi w'abarwanyi wa ki Islam wo muri Somalia, Al Shabab, wavuze ko ariwo wagavye ico gitero.

Ejo kuwa gatandatu, umukuru w'igipolisi ca Kenya yasavye abantu kwiyubara, mu gihe abakozi b'iterabwoba bogaba ikindi gitero gihurina n'uko haheze umwaka.