Burundi: Urubanza rw'abanywanyi ba MSD

Image caption Umukuru wa MSD Alex Sinduhije, n'abanywanyi biwo.

Uru rubanza rwungurujwe bitumwe n' uko ababunganira bavugako badashobora kuja mw'ido n'ido ry'urubanza mu gihe amategeko yahonyanzwe.

Abo banywanyi b'umugambwe utavuga rumwe na leta MSD, batawe muri yompi mu kwezi kwa gatatu k'uno mwaka bagirizwa kugarariza n'ukuja mu mirwi yo kugumuka.

Sentare nkuru ikukirira igisagara ca Bujumbura yari yabaciriye igifungo kiri hagati y'imyaka 5 n'ubuzima bwose.

Bwari ubwa mbere urwo rubanza rushirwa mu ntahe y'icese, rukaba rwamaze umwanya urume rumara.

Kuri 45 bagirizwa muri urwo rubanza hari hitavye 32 gusa, ngo kuko abandi batigeze baronka imitahe ibahamagaza.

ni nayo mpamvu abanshirwamanza babo baciye bahagararako bavuga ko hatokumvirizwa igice kimwe mu gihe bose basangiye dosiye.

Abunganira abo banywanyi b'umugambwe MSD bamenyesheje kandi ko hariho n' idosiye ya sentare yaciye urubanza rutaraja mw'iyungururizo batiri bwaronke.

Baciye basaba umucamanza ko utwo tunenge twose twobanza gukosorwa akabaha isango ryahafi.

Umushikirizamanza nawe nyene yavuze ko hariho ivyo atari bwaronke muri dossier y'urwo rubanza.

Sentare yaciye imenyesha ko kubera ivyo vyose bisabwa, urwo rubanza ruzosubira gusasa itariki 27 z'ukwezi kuza.

Abo banywanyi b'umugambwe utavuga rumwe na reta MSD, bafashwe itari 8 z'ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, inyuma y' aho igipolisi kibaburije ibikorwa vyo kwinonora imitsi.

Inzego z'ubutungane n'umutekano vyemeza ko ivyo bikorwa vyari bifise intumbero yo guhungabanya umutekano.

Mu nyuma urwo rwaruka rwahavuye ruhurira ku cicaro gikuru ca MSD, ahavuye haduka imishamirano igipolisi kigakoresha vya vyuka bikoroza amosozi n'amasasu, mu kubashwiragiza.

Igipolisi kandi cavuze ko kwari ukugira barekuze bagenzi babo 2 bagizwe ingwati n'urwo rwaruka.

Kuri 71 mu bahagaritswe ico gihe, sentare nkuru ya Bujumbura yaciriye 21 muri bo umunyororo wo guherayo, 22 bambikwa izera, 10 nabo bakatirwa igifungo c'imyaka 10, hamwe na14 baciriwe imwaka 5.

kuva ico gihe umukuru wabo Alexis Sinduhije yahavuye ahunga igihugu, leta y'Uburundi ikaba yasohoye n'umutahe w'ukumuhagarika.

Amashiramwe aharanira agateka kazina muntu yo mu gihugu no mu makungu yagumye yiyamiriza ivyo bihano, avugako urwo rubanza rutakurikije amategeko.

Mu mpera z'indwi iheze inama nshingamateka y'umuryango w'ibihugu vya bulaya yasavye leta y' Uburundi gufuta urwo rubanza hanyuma hakurikiranwe abo muri bo bafitiye ibimyenyetso bifadika vy'uko bagize uruhara mu vyo bagirizwa.