Afrika y'epfo yarapfishije abantu muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inyubakwa ya T. B. Josua yaguye, yari isanzwe icumbikira abayoboke biwe, barimwo abavuye mu mahanga.

Abaguye muri iyo nyubakwa y'umuvugabutumwa w'umunya Nigeria, abenshi n'abo muri Afrika y'epfo.

Indege ya isirikare yashikanye abarokotse i Pretoria, barimwo 16 bakomeretse cane.

Abanya Afrika y'epfo baharurwa mu 300 bari basanzwe baja gusengera mw'idini ry' umuvugabutumwa T.B. Josua, riri mu muji wa Lagos.

Bikekwa ko iyo nyubakwa yaguye kubera yubatse nabi.

T.B. Josua we yataye agashavu ku ndege avuga ko yariko izunguruka hejuru y'inyubakwa yiwe, gatoyi imbere y'uko iyo nyubakwa isenyuka.