Amerika yagavye ibindi bitero kuri IS

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vya Amerika kuri IS

Abarwanyi b'aba Kurdes bo mu muji wa Kobani, hafi y'urubibe na Turkiya, bavuga ko bongeye guterwa n'abarwanyi ba IS, inyuma y'ibitero vyo mu kirere vya nijoro mu burengero bw'uwo muji.

Intambara ziheruka muri ico gice zatumye aba Kurdes bo muri Syria barenga ibihumbi ijana na mirongo itatu bahungira muri Turkiya.

Ibitero vy'indege z'Abanyamerika kandi vyagabwe ku mpande z'urubibe rwa Iraq, zifadikanije n'urunani rw'ingabo z'ibihugu vy'Abarabu bifatanije na Amerika muri ico gikorwa.

Umuvugizi w'igisirikare ca Iraq avuga ko abanywanyi benshi ba IS bapfuye, n' ibikoresho vyabo vya gisirikare bigafatwa.