Amerika yatanguye ibitero kuri IS

Image caption Ibitero vy'indege za Amerika kuri IS muri Syria

Amerika ivuga ko iyo ari intango y'igikorwa co guhangana n'uwo murwi, gishobora kumara igihe kirekire.

Abategetsi ba gisirikare bavuga ko ivyo bitero vyasambuye ikigo IS yatangiramwo imyimenyerezo ya gisirikare, imodokari zabo n'ububiko bwabo.

Biravurwa ko hari abarwanyi ba IS baguye muri ivyo bitero mu muji wa Raqqa, ahari icicaro ca IS.

Ababibonye bavuga ko abantu bariko barahunga uwo muji.

Perezida Obama yiteze kugira ico ashikirije kuri ivyo bitero vyagabwe n'ingabo za Amerika kuri IS muri Syria.