Rodgers yashimye abakinyi ba Liverpool

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Liverpool yatsinze Middlesbrough kuri penalties zamaze igihe kirekire

Inyuma yo kunganya 2-2, ku kibuga ca Anfield, Liverpool yinjije penalties 14 -13 Middlesbrough, aho mu bakinyi ba Liverpool, harimwo 6 binjije kabiri kabiri.

Bwana Rodgers yavuze ko abakinyi biwe berekanye ishaka rikomeye.

Yagize ati: "Mu gihe ca nyuma, aho nyene vyari bikenewe kurusha, abakinyi bacu barerekanye kwihagararako n'umwete udasanzwe, aho bamwe mu bakiri bato batatinye kuja imbere".

Iki gitigiri c'ama penalties cari kimaze kuboneka rimwe gusa muri kahise k'inkino za Premier League, aho mu kwezi kwa 8 mu 2011, mu rukino rwahuje Dagenham & Redbridge na Leyton Orient, naho nyene batsinze 14-13.

Ikindi gihe hari hamaze guterwa penalties nyinshi muri FA Cup ni mu rukino Macclesfield yatsinze Forest Green penalties 11-10, mukwa 11 umwaka wa 2001.