Obama asaba amahanga kuja hamwe kurwanya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Perezida Obama yayoboye inama nkuru y'umutekano kw'isi

Mw'ijambo yashikirije igihe inama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yugurura iNew York, bwana Obama yavuze ko kazoza k'isi gahagaze ku kwishira hamwe mu guhangana n'abashira imbere gucanishamwo abantu.

Iyo mirwi icanishamwo abantu ngo yishimikiza ubudasa bw'imiryango, amadini, amoko n'ukwemera.

Bwana Obama ubu naho ariko ayobora umubonano w'inama nkuru y'umutekano kw'isi, yitabiriwe n'abakuru b'ibihugu 13, aho baganira ku kibazo co gutora ingingo ijanye no guhana iterabwoba.