FIFA yabujije TPO kugura abakinyi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption FIFA yabujije abarwizatunga bo hanze y'imirwi kugura abakinyi

Ubwo buryo bwo kugura abakinyi bwarekurira abarwizatunga bo hanze y'imirwi y'umupira, gutanga amafaranga yo kugura abakinyi, bagahabwa ku nyungu ibonetse iyo umukinyi agurishijwe ku wundi murwi.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya, UEFA, ryariyamirije iyo ngendo, rivuga ko ituma amafaranga ava mu minwe y'imirwi y'umupira w'amaguru.

UEFA ivuga ko iyo ngendo kandi ituma abakinyi baguma bimurwa mu mirwi, kugira bazanire amafaranga abo barwizatunga.

Ariko abashigikiye iyo ngendo nko muri Amerika y'ubumanuko, Espagne , na Portugal, bavuga ko ituma imirwi ishobora kuronka abakinyi itari ifise ubushobozi bwo kwigurira.