Abasaba ubuhunzi bariyongeye mu bihugu bitunze

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umukuru wa HCR, Antonio Guterres

Ivyo vyatumye igitigiri c'abasaba ubuhunzi muri ivyo bihugu biteye imbere kirenga 330 000 mu gice ca mbere c'uyu mwaka.

HCR ivuga ko kwiyongera kw'ivyo bitigiri vy'abashaka ubuhungiro muri uyu mwaka wa 2014, gishobora gushika ku rugero rutari bwaboneke mu myaka 20 irangiye, kuber'intambara muri Iraq na Syria.

Ubugadi na Leta zunze Ubumwe za Amerika nivyo vyakiriye abasaba ubuhunzi benshi kurusha ahandi.

Ariko HCR ivuga ko abashika muri ivyo bihugu gusaba ubuhunzi ari bake cane, ugereranije na miliyoni zitatu z'abanya Syria zakiriwe n'ibihugu vya Libani, Jordaniya na Turukiya.

Umukuru wa HCR, Antonio Guterres, yavuze ko amahanga akwiye kwitegura, akamenya ko hatabonetse umuti ku ndyane, abantu bagiye kuzokenera ubuhungiro ari benshi muri kazoza.