Ibitero vyakomeje kubarwanyi ba IS

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vy'indege birakomeza ku barwanyi ba IS muri Iraq na Syria

Ibirindiro vy'abo barwanyi n'imodokari zabo, zirimwo izo intambara, vyasambuwe.

Indege z'urunani rurongowe n'igisirikare ca Amerika, zasambuye n'ibibanza bihingurirwamwo ibitoro, ari na vyo uwo murwi IS ukuramwo uburyo.

Ababibonye bavuga ko abanyagihugu basanzwe bakomeza guhunga imiji yifatiwe n'abarwanyi mu buseruko bwa Syria, kuva ibitero vyo mu kirere bitanguye.

Intambara ziravugwa kandi mu muji wa Kobani uri mu buraruko, aho abarwanyi b'aba Kurdes bari bavuze ko basubije inyuma abarwanyi ba IS.