Amerika itewe umwitwarariko n'ibiziga vyo mu Rweru

Image caption Umwe mu mifuko yabonetse ku Rweru itekeyemwo ibiziga 2

Leta zunze ubumwe za Amerika zisaba ama leta y'Urwanda n'Uburundi gukora itohoza ryuzuye kandi ataho rihengamiye, ku bijanye n'izo mpfu, bifadikanije n'abanyamahanga bigenga, bafise ubuhinga mw'itohoza ryimbitse.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko abo bantu bapfuye bakeneye kumenyekana abaribo, nayo imiryango yabo ikeneye kumenya uburyo bishwe, abo ico caha cega bagashirwa imbere y'ubutungane.

Umuvugizi wa leta y'Uburundi, Philippe Nzobonariba, yabwiye BBC ko ivyerekeye amatohoza n'Uburundi butabiretse.

Yavuze ko abarovyi bo ku mpande zompi bahuriza ku kwemeza ko ivyo biziga vyatembeye mu Rweru bizananye mu Kagera.

Avuga ko abajejwe intwaro begereye ku Rweru baciye batumwa gutohoza ko ata banyagihugu baho boba barabuze, kuva aho ivyo biziga bibonekeye.

Ngo vyahambwe inyuma y'iminsi itatu bamaze guhebura ko hoba hari ababuze abantu babo.

Bwana Nzobonariba avuga ko amatohoza azokomeza, kandi ko imva zahambwemwo ivyo biziga n'ubu zirinzwe.

Nayo ivyo bihugu bitera akamo, bwana Nzobonariba avuga ko Uburundi bwiteguye kwakira intererano yavyo, hamwe vyoja gufasha mu matohoza.