P.Claver Mbonimpa yarekuwe vy'agateganyo

PC Mbonimpa
Image caption Pierre Claver Mbonimpa ubu arwariye mu bitaro

Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH, rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yarekuwe vy'agateganyo na sentare nkuru ya Bujumbura.

Ariko ntarekuriwe kurenga igisagara ca Bujumbura adafise uruhusha rw'igipolisi.

Umukobwa wiwe Amandine Nasasagare ati: ''Umunezero ni ntangere, twebwe n'aho ari ivy'agateganyo, turabishima, turanezerewe ko tuzorwaza uwacu atawuduhagaze hejuru''

Yari mu munyoro kuva hagati mu kwezi kwa gatanu yagirizwa guhungabanya umutekano w'UBurundi imbere no hanze y'igihugu.

Mbonimpa , w'imyaka 65, amaze hafi ukwezi mu bitaro kubera indwara zitandukanye harimwo diabete n'umutima.

Kuva agifatwa abashingwamanza biwe bagumye bsaba ko arekurwa ku mvo z'amagara n'imyaka afise.

Sentare nkuru ya Bujummbura ku wa gatanu niho yaronka icegeranyo c'abaganga bagenywe kwihweza amagara yiwe ingene yifashe aho arwariye mu bitaro Bumerec, basanga araremvye koko.

Urubanza rwaciye ruja mu mwiherero.

Umukuru wa APRODH yafashwe imyuma yo kuvugira ku maradiyo ko hari urwaruka rw'abarundi ruhabwa imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu kibanyi ca Congo. yavuze ko muri urwi hari n'abamaze gusigayo ubuzima. Ivyo leta y'Uburundi ikaba yarabibeshuje.

Umushikirizamanza yavuze ko mu vyemezo Pierre Claver Mbonimpa yerekanye hari amafoto atari yo.

Amakungu harimo ibihugu vya Bulaya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari agize igihe asaba ko Pierre Claver Mbomimpa arekurwa.