Mogadiscio mu mutekano kuruta uko vyahora

Mogadishu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abana bariko barakina Mogadiscio

Abanye Somalia baba ku murwa mukuru Mogascio bavuga ko biyumva mu mutekano kuruta uko bahora kandi bumva bizigiye kazoza kuruta uko bari haraheze umwaka, nk'uko vyerekanywe n'amatohoza aherutse gukorwa.

Ikigo Heritage Institute of Policy Studies cihweje ivyashikirijwe n'abantu barenga 1.600 baba Mogadiscio, bavuga ko ubukozi bw'ikibi bwagabanutse.

Ariko amakenga akomeye aracahari, nko ku bitero vya al-Shabab hamwe no kutizerana hagati y'inzego zijejwe umutekano.

Somalia yari imaze imyaka irenga 20 irangwamwo intambara.

Abanyesomalia ibihumbi n'ibihumbi bagize igihe bataha gufasha gusubira kwubaka igihugu uko umutekano wagiye uragaruka muri iyi myaka iheze. Al-Shabab yirukanywe muri Mogadiscio mu 2011 ariko n'ubu ikaba ikigaba ibitero mu gisagara kandi ikagenzura ibiturere twinshi mu gihugu hagati.

Mu kwa kabiri abagwanyi bayo barateye Villa Somalia, inyubakwa nini irimnwo ingoro y'umukuru w'igihugu n'izindi nzego za leta bica abantu 11.

Ishirahamwe ryw Africa rifise abasirikare barenga ibihumbi 22 gushigikira leta isanzwe ifashwe mu mugongo na ONU.