Afghanistan yasinye amasezerano na Amerika

Abanyemrika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare b'abanyamerika muri Afghanistan

Leta nshasha ya Afghanistan na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bshize umukono ku masezerano y'umutekano azotuma abasirikare b'abanyamrika baguma muri ico gihugu inyuma y'uwu mwaka.

Ayo masezerano yashizweko umukono n'umujenama mukuru ajejwe ibibazo vy'umutelkano muri Afghanistan, Hanif Atmar.

Prezida yahahora, hamid Karzai yari yaranse gushira umukono kuri ayo masezerano n'abanyamerika atuma imigenderanire ihagarara nabi, nayo amakenga y'umutekano ariyongera.

benshi mu basirikare ba OTAN bazova muri Afghanistan uyu mwaka , basigeyo 9.800 vy'abanyamerika.

Kw'izina rya Amerika uwuyihagarariye muri Afghanistan Jim Cunningham niwe yashize umukono kuri ayo masezerano.

Igitigiri c'abasirikare bose bazoba bari muri ubwo butumwa brungowe n'abanyamerika mu ntango z'umwaka uza bazoba ari 12.500, abasigaye bakoza ari ab'ibihugu nk'Ubudagi n'Ubutaliano.