Congo: abahoze bitwaje ibigwanihso bishwe n'inzara

drc rebel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muri Congo haracari imigwi nyinshi yitwaje ibigwnisho

Abahoze bari mu migwi igwana ubu basubije ibigwanisho n'imiryango yabo barishwe n'inzara n'indwara mw'ikambi ya gisirikare muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu.

Human Rights Watch (HRW) ivuga ko abo abantu bahoze bagwana bari bajanywe mw'ikambi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo mu mwaka uheze nyuma y'aho basubirije ibigwnaisho mu buseruko.

Bahabwa ivyo kurya bike n'imiti mike , bikavugwa ko bamwe bari batunzwe no kwiba ivyo kurya mu mirima y'abandi.

Igisirikare ca Congo kivuga ko kiriko kirabitohoza. Ministre ajejwe kwivuna abansi Alexandre Luba Ntambo yabwiye HRW ko habaye ingorane nyinshi no gucerwa mu gushira mu ngiro umugambi wo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abagwanyi.

Bivugwa ko yagize ati:''ibintu bimeze nabi cane, kandi turabizi...''

''Ntitwahisemwo kureka abo bantu ngo basonze canke ngo turabe ingene bapfa, ariko twagize ingorane yo kubaronkera ivya nkenerwa.

Mu buseruko bwa Congo haracari imigwi myinshi igwana n'ubwo vyitwa ko intambara yarangiye, imwe muri iyo migwi ikaba ishobora kuronka amafranga mu kwimba amabuye y'agaciro akoreshwa nko mu gukora telephone ngendananwa.

Ku bwa HRW, abahoze bitwaje ibigwanisho 941 bo mu migwi itandukanye barasubije ibigwanisho baca bajanwa mw'ikambi ya Kotakoli mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze bari kumwe n'abo mu miryango yabo amajana n'amajana kugira barindire gushirwa mu gisirikare canke gusubizwa mu buzima busanzwe.

Ivyo vyari vyitezwe kumara amezi atatu ariko ubu haheze umwaka niho bakiri.

Ivyo kurya n'imiti vyamaze amezi atatu bica birahera kuronka ibindi bica biragorana kuko aho hantu hakikujwe n'amashamba kandi akaba ata mabarabara ashikayo.

Kuko ata bikwiye vyo kurya bari bafise hatavuzwe kuvurwa, abantu benshi baciye batangura kurwara baca batangura kwicwa n'inzara n'izindi ndwara.