Hong Kong imyiyerakano irakomeje

Hong Kong Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abitavye imyiyerekano bafise imitaka nk'iyabari mu munsi mukuru w'isabukuru

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye imyiyerekano yo gusaba demokrasi muri Hong Kong , ubu ikaba yakwiye n'ahandi ku munsi mukuru w'isabukuru igira 65 y'Ubushinwa.

Abari mu myiyerekano bashaka ko Ubushinwa buheba umugambi wabwo wo kubanza kmeza abazokwitoza mu rungozi bwa Hong Kong mu 2017.

umukuru wa Hong Kong CY Leung yabasavye gushigikira ivyohinduka mu matora bemerewe n'ubutegetsi bw'ubushinwa.

Bamwe mu bari mu myiyerekano bamugaye mu guhinfukira bakamwereka umugongo igihe ururirimbo ruhayagize igihugu rewariko rurasamirana.

Ubuhinwa buguma bwemeza ko buzoguma bwubahiriza ineza ya Hong Kong.

Abari mu myiyerekano bagandagaje mu hibanza nyamukuru vy'imyiyerekano muri quartier ikomeye y'ubucuruzi ahitwa Causeway na Mong Kok.

Leung yiyamirije abari mu myiyerekano bamusaba gutanga imihoho.