SIDA yamuka i Kinshasa mu 1920

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umugera wa SIDA wamuka kuri chimpanzee

Amamuko ya SIDA abahinga basanga ari i Kinshasa mu myaka y' 1920 mu gisigaye citwa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo (RDC).

Umugwi w'abahinga bavuga ko igwirirana ry'abantu, ugusambana hamwe n'inzira z'amatereni nivyo vyatumye umugera wa SIDA ariwo HIV ukwira isi.

Ibipimo vya kera vyerekena ingene umugera wa SIDA uteye vyashikanye abahinga ku myaka ya 1920 i Kinshasa nk'uko biri mu cegeranyo c'abo bahinga.

Abo bahinga bavuga ko ubusambanyi bwinshi, igwirirarana vuba ry'abantu hamwe n'ugukoresha inshinge zidasukuye mu mavuriro bishobora kuba arivyo vyakwiragije uwo mugera.

Ico gihe iyubakwa ry'ibarabara ry'itereni ryari rishigikiwe n'Ububiligi ryatuma abantu umulioni bagira uruja n'uruza muri ico gisagara buri mwaka, gutyo bagaca bakwiragiza uwo mugera mu zindi ntara.

Ubwo bushakashatsi bwakozwe n'abahinga bo kuri kaminuza za Oxdord na Leuven.

Umugera VIH watanguye kuvugwa mu myaka ya 1980 ubu ukaba umaze kwandukira abantu milioni 75.

wari usanganywe kahise ka kera muri Africa ariko aho iyo ndwara yatanguriye vyagumye biri mu mpari.

VIH n'umugera wahindutse uvuye ku mugera w'igikoko citwa chimpanzee ushobora kuba warandikiye umuntu mu gihe co guhiga ibikoko vyo mw'ishamba arondera inyama.

Uwo mugera wagiye urahinduka kenshi ubu ukaba urimwo imigwi myinshi harimwo n'uwa SIDA.