Abasirikare ba ONU bishwe muri Mali

abasirikare ba ONU Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muri Mali hari abasirikare ba ONU ibihumbi 9

Abasirikare 9 ba ONU bagiye gucungera umutekano muri Mali baguye mu gitero cy'abantu bitwaje ibigwanisho baje ku mapikipiki, igitero cabereye mu maja ruguru y'ubuseruko bw'igihugu.

Icegera c'umuyobozi w'umurwi wa ONU wagiye kugarura amahoro muri Mali, Arnauld Akodjenou, yavuze ko ari igikorwa c'iterabwoba. ONU iravuga ko arico gitero cishe abasirikare benshi bayo.

Abo basirikare bishwe bava muri Nigeri.

Baguye mu mutego bari mu kazi kabo mu karere kari hagati ya Asongo na Menaka mu majaruguru ashira ubuseruko bwa mali.

Muri ico gihugu hari ingabo za ONU zigera ku bihumbi 9 mu rwego rwitwa MINUSMA rwatanguye ibikorwa mu kwezi kw'indwi mu 2013.