Serena Willians agiye gupimwa ivi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Serena Williams yahagirtse ihiganwa yari arimwo mu Bushinwa

Serena Williams, umukinyi wa mbere wa tennis agiye kujanwa i Bulaya gukorerwa scanner ku mvune yo mw'ivi yatumye ava mw'ihiganwa ryo mu Bushinwa ubwo yagire aje mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Ribaye ihiganwa rya kabiri atarindi riciyemwo uwo mukinyi w'imyaka 33 avuyemwo inyuma y'aho arwariye kw'i seti yiwe ya mbere mu nkino za Wuhan mu Bushinwa nyene ku ndwi iheze.

Ivi ryiwe yumvise ririmwo umucanwa ku mugoroba wo ku wa kane amaze gutsinda urukino rwariko ruramuhuza n'umu Czech Lucie Safarova ku bibuga vya Beijing.