Mu Burundi abahawe ikigongwe batanguye kurekurwa

Kw'ibihero rya Mpimba hitezwe kurekurwa abarenga 400
Image caption Kw'ibihero rya Mpimba hitezwe kurekurwa abarenga 400

Abanyororo bari mu mugwi w'abahawe ikigongwe n'umukuru w'igihugu c'u Burundi ku munsi wo kwikukira, batanguye kurekurwa.

Kw’ibohero rikuru rya Mpimba gusa hitezwe ko hashobora kurekurwa abarenga 400.

Abo banyororo basohoka banezerewe, mbere bamwe bakaba bivugira ko batashe bamaze kwihana ivyaha bari bakoze.

Uretse abo barekuwe, hari kandi n’abagabanirijwe imyaka y’igipfungo.

Abegwa n’iyo ngingo y’umukuru w’igihugu yo kubababarira bari mu mice myinshi.

Hari abari baciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka iri munsi y'5, abakobwa canke abapfasoni bibungenze canke bonsa, abashikana canke barenza imyaka 60, abana batarakwiza imyaka 18, hamwe rero n’abarwaye ingwara zidakira