Umwiyahuzi i Yemen yahitanye abantu 40

Igitero isana cahitanye abantu benshi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igitero isana cahitanye abantu benshi

Umwiyahuzi ku murwa mukuru wa Yemen, Sanaa, yahitanye abantu bashika mirongo ine barimwo n'abana.

Ico gitero catumbereje abarwanyi b'Abashia hamwe n'ababashigikiye.

Uwo mwiyahuzi yaturikije igisasu yari yambaye ashitse aho abajejwe umutekano basakira abantu, mu kibanza ca Tahrir Square.

Muri ico gihe abashigikiye abarwanyi bazwi kw'izina rya Houthis, bari bari mu myiyerekano.

Aba Houthis bigaruriye Sanaa mu kwezi guheze, biteza uruhagarara rwa politike.

Baranse umushikiranganji wa mbere mushasha Ahmad Awad bin Mubarak yagenywe n'umukuruw'igihugu Abdrabbuh Mansour Hadi, ubu nawe akaba yaranse ako kazi.