Gaza yemerewe miliyaridi 5.4 z'ama dolari

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gaza ikeneye miliyaridi zine zo gusanura ivyasambutse

Igice c'ayo mafaranga kizofasha mu gusanura ivyasambuwe n'intambara, yamaze iminsi mirongo itanu muri Gaza.

Amafaranga yemewe yatangajwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Norvege, Borge Brende, yarenze ko miriyaridi imwe, ku yo umukuru w'abanya Palestina Mahmoud Abbas yari yasavye.

Igihugu ca Qatar conyene cemeye gutanga miliyaridi.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yatangarije muri iyo nama ko igihe kigeze co kurondera umuti urama ku kibazo c'amahoro, mu ntumbero yo kugarukira agateka k'abanya Palestina n'umutekano w'abanya Israel.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Ban Ki Moon yavuze ko hageze ko akarere ka Gaza gahagarikwa gusamburwa kisubiriza.