Abarundi bahungutse barasaba kuronswa amatongo

Abo barundi barasaba leta kubonera inyishu ingorane zabo.
Image caption Abo barundi barasaba leta kubonera inyishu ingorane zabo.

Imiryango irenga 60 yahungutse iva mu gihugu ca Tanzania mu 2008 iba mu kigwati c'amahoro co ku Mutambara muri commune Rumonge, yazindutse yugarije ubushikiranganji bwo gufatana mu nda basaba kuronswa amatongo n'ibindi vyankenerwa, ngo kubera ko ubuzima bwabaye ndanse mu bigwati begeranirijemwo.

Abo banyagihugu bavuga ko haheze igihe kirekire Leta y' Uburundi ibemereye gutorera inyishu ibibazo vyabo ariko ngo amaso yaheze mu nzira.

Bari bangandaje mu kibanza cagenewe guhagaramwo imiduga imbere y'inyubakwa ikoreramwo n'ubushikiranganji bwo gufatana mu nda.

Bari bagizwe n'abagabo, n'abagore n'abana, hamwe n'abatama.

Bamwe muri bo bari baryamye hasi abandi bicaye, bamwe bafise intekera zirimwo impunzu, ubona kobaje biteguriye ko bashobora kuharara.

Bavuga ko benshi muri bo batacibuka ahari amatongo yabo abandi n'abo basanga yagiyemwo abandi.

Muri abo banyagihugu nyene hari abavuga ko muri ivyo bigwati begeranirejwemo hari abahungutse leta yakomoreye amatongo yari ay'abavyeyi babo imbere yuko bahunga ariko ngo nabo nyene ntiborohewe.

Si ikibazo gusa c'amatongo kiraje ishinga abo banyagihugu kuko bavuga ko n'indero y'abana babo iri mu vyabazanye aho ku bushikiranganji bw' ugushigikirana.