Gatoliya yananiwe kwumvikana

Inama ya Synode ntiyagenze nk'uko Papa Francis yabishaka Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inama ya Synode ntiyagenze nk'uko Papa Francis yabishaka

Ishengero Gatolika ryananiwe kwumvikana ku kibazo c'abahuza ibitsina bimwe, abahukanye hamwe n'abubakanye bidaciye mw'isengero.

Papa Francis yahuye n'ikibazo mu burongozi bwiwe, mu gihe vyananiranye kwumvikana guhindura aho ishengero Gatolika rihagaze kuri ivyo bibazo.

Ku munsi wa nyuma w'inama idasanzwe, Synode, yari imaze indwi zibiri, Vatikano yananiwe kuronka amajwi ya bibiri vya gatatu akenewe y'Abasenyeri kugira hemezwe ko Gatolika yohindura aho ihagaze kuri ivyo bibazo.

Ibindi bice vy'integuro y'itegeko vyemejwe.

Iyo nteguro y'itegeko yategekanya ko hoba kworohereza abahuza ibitsina bimwe bita aba gay, hamwe no kwemera mw'isengero abahukanye hamwe n'abubakanye bidaciye mw'isengero.

Bamwe mu bashigikiye ukwishira ukizana babona ko iyo ntegura itazana amahinduka akwiye, ariko bigaragara ko bahuye n'ikibazo c'abadashaka amahinduka.