Inkingo ebyiri za Ebola ziri mu igeragezwa.

Ebola imaze guhitana abantu barenga 4500 muri Afurika y'Uburengerazuba. Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Ebola imaze guhitana abantu barenga 4500 muri Afurika y'Uburengerazuba.

Ishami rya ONU ryita ku buzima ku isi - OMS - ryatangaje ko ku birebana n'indwara ya Ebola ryitaye cyane mu kugerageza inkingo ebyiri gusa.

Ryavuze ko ryatangiye kugeragereza muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Mali urukingo rukomoka ku ngunge.

OMS yavuze kandi ko hazakorwa andi magerageza kuri urwo rukingo mu mpera za kuno kwezi mu Busuwisi.

OMS yongeyeho ko hari urundi rukingo rwa kabiri - ruzwi ku izina rya VSV - rurimo kugeragerezwa mu Busuwisi, Ubudage, Gabon na Kenya.

Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima riravuga kandi ko bizatwara igihe kirekire n'amafaranga menshi abarirwa muri za miliyoni z'amadolari gusakaza urukingo ruzaba rwabonetse.