Amasasu ku nama nshingamateka y'i Ottawa

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare baboneka hafi y'ingoro y'inama nshingamteka

Umuntu yishe arashe umusirikare yari acunze ahari icibutso c'abasirikare baguye mu ntambara, mu nyuma nawe arahirwa n'igipolisi mu nyubakwa z'inama nshingamteka zo hafi y'aho, n'ubu hacunzwe.

Abashikiranganji bagize leta ya Canada, bari mu nama igihe bumva urwamo rw'amasasu rwadutse.

Uwatanguye kurasa yahavuye nawe yicwa.

Humvikanye amasasu kandi hafi y'ikibanza c'amaduka kiri muji wa Ottawa, aho abantu bose baciye bahakurwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Steven Harper, yateye ivyatsi ico gitero.

Yavuze ko inama nshikiranganji na nshingamateka bizobandanya bikora.