Ebola yageze muri Mali

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umurwayi wa mbere wa Ebola muri Mali, n'umwana yaturutse muri Guinee

Uwo mwana w'umukobwa w'imyaka ibiri yagaragayeko uburwayi bwa Ebola ubwa mbere muri Mali, yari yaturutse muri Guinee.

Yashikiye mu karere ka Kayes kari mu burengero kure y'umurwa mukuru Bamako.

Icumi muri abo bariko barakurikiranirwa hafi ni abaforoma n'abandi bakozi bo kwa muganga.

Ishirahamwe OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi ryarungitse bahinga bo gufasha kurwanya ikiza ca Ebola muri Mali.

Abanyamakuru bavuga ko ikibazo c'itandukira rya Ebola muri Mali, igihugu kigize gatandatu mu burengero bwa Afrika gitewe n'ico kiza, ari nko kunanirwa ku mugambi wa OMS wo gukumira ico kiza.